UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abacamanza bo mu Burundi bakwiye gusubiza ubutungane iteka n’ijambo-Rwasa Agathon

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushingamateka Agathon Rwasa asaba abacamanza bo mu Burundi guhagarara rugabo ubutungane bakabusibiza iteka, intahe bakayisubiza ijambo maze ubutungane bukaba ubwo abarundi bose.Rwasa agathon avuga ko uburundi Atari icibare canke itongo ry’umurwi w’abantu,kubwiwe abona ko igihe kigeze ngo ibintu bihinduke mu gihugu kuneza y’abarundi bose maze uburundi bukaba ubwo abarundi bose,umurundi wese akagira iteka n’ijambo biciye mu nzira nziza ya democrasi urwo narwo n’urugamba rw’abarundi bose.ibi yabivugiye mu kiganiro Ijambo ni rwawe co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 ndamukiza kuri radiyo RPA.


Umushingamateka Agathon Rwasa yahora arongoye umugambwe CNL yari umutumire mu kiganiro ijambo ni rwawe caciye kuri radio rpa ijwi ry’abanyagihugu kuri uyu wa gatandatu,Agathon Rwasa yavuze ko ubutungane bukwiye guhagararira amategeko y’igihugu bakaba abashingantahe koko babushize bagaharanira ineza y’igihugu kuko uburundi Atari icibare canke itongo ry’umurwi w’abantu.

Agathon Rwasa yagize ati:«Naho ubucamanza bukunda kwisamaza niyumvira ko nabo ari abarundi nk’abandi bose ibishikira abandi nabo birabashikira rero bakwiye guhagararira amatekegeko ku neza y’abarundi bose batitaye ku migambwe baturukamwo bagatunganiriza abarundi bose kuko uburundi s’itongo ry’umurwi w’abantu harageze ko uburundi buba ubwo abarundi bose umurundi akagira iteka n’ijambo kandi urwo ni urugamba rw’abarundi bose yaba abari mu migambwe n’abatayrimwo,yaba aba Cndd-Fdd canke abandi bo muyindi migambwe bose.abacamanza bakwiye gusubiza iteka n’ijambo mu gihugu umurundi wese akagira ijambo.»

Rwasa Agathon yahora arongoye umugambwe CNL imbere y’uko Nestor Girukwishaka asubira kuburongozi bw’umugambwe CNL mw’ikoraniro kaminuza ryabereye I Ngozo ku wa 10 ntwarante bidakurikije amategeko y’umugambwe abifashijwemo n’umushikiranganji muvyo ajwejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments