Ababuze Bikomagu ngo nibihangane nkuko abokwa Adolphe babikoze

0

Nyakubahwa umukuru w’igihugu c’Uburundi yarateye ivyatsi ubwicanyi bwasubiriye guhitana umwe mu bakukuruku bahora mu gisirikare c’Uburundi ari Yohani Bikomagu.

1439818442935

Mw’itangazo ibiro vy’umukuru w’igihugu vyashize ahabo

na bisaba kandi ubutungane gufata ikiringo c’indwi imwe(nkuko vyakozwe ku musi w’urupfu rwa Lt. Gn. Adolphe Nshimirimana) ngo bazobe bashengeje abakoze ako kabi kabishe.

Muri iryo tangazo kandi umukuru w’igihugu arasaba abakunzi n’umuryango wa Yohani Bikomagu kwigumya nkuko umuryango n’abakunzi ba Lt. Gn. Adolphe Nshimirimana bigumije.

Mwokwibuka ko uwo musirikare yanatwaye ibiro bikuru vy’intwaramiheto igihe kitari gito.

UBM News tubibutse ko bikomagu yagandaguriwe imbere y’urugo iwe ku musi wa gatandatu aho yaratashe.