Aba Police mu mazu y’abagiye mu myiyerekano kwiba

0

I makamba aba Police batanguye kwinjira mu mazu y’abagiye mu myiyerekano babatera ubwoba bongera babatwara ubutunzi baba bafise mu mazu iwabo.

Aba Police igihe c'Imyiyerekano
Aba Police igihe c’Imyiyerekano

Ivyo bikaba vyabaye ku mwigisha yitwa Claude aho yibwe amafaranga 70 000 vy’amafaranga y’amarundi, akaba yayibwe yagirizwa na Chef de Poste waho ko yagiye mu myiyerekano yabaye mu misi iheze.

Umukuru w’ico kirindiro kandi akaba nawe yivye uwo mwigisha yitwa Ciza aremeza ko ivyo vyabaye yaraborewe, akaba yaciye yemera gusubiza amahera yibwe nkuko amakuru dukesha SOS MEDIA BURUNDI abivuga. Ivyo bikaba vyabaye ku musi wa mbere igenekerezo rya 22 ruheshi.