Aba Police boba bariko bagabisha abanyabujumbura?

0

Hari mu gitondo ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 ndamukiza aho umurwi utari muto w’aba Police bashika kw’ibarabara ryitiriwe RDC bakaba baje batazambaye kuko ngo bari bashaka kuhakorera ikarashishi. Abari ngaho bakamenyesha ko baciye bahagarika ibikorwa vyariko birakorekera kuri iryo barabara gushika ivyo bikorwa bihere.

Nkuko amakuru dukesha bagenzi bacu bahashitse avuga ko abanyahigu batangajwe n’ivyo bikorwa vyariko bikorekera hagati mu gisagara ca Bujumbura mu gihe hari ibindi bibanza bitari bagufi y’igisagara bari gukoreramwo.

Ivyo bikaba bikozwe mu gihe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza umugambwe CNDD FDD uzoba uramutse ukora ikoraniro kamenuza y’uwo mugambwe. Bamwe  bakibaza ko kwoba ari ugutera ubwoba  canke kugabisha abanyaBujumbura ngo bamenye ko igipolice c’igihugu kigavye mu gihe hogira uwuja mwi barabara kwiyamamaza mu gihe CNDD FDD yotanga Nkurnziza nk’uwuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

10631153_789055217838792_1298923739848371326_o 11060320_789055187838795_9154833595586566530_o 11154572_789055134505467_3880924187519457897_o 11182144_789055067838807_8683748137135219445_n