ABA ISLAM bahimbaje umunsi mukuru wa EID HADJI.

0

Aba ISLAM bo kw’isi yose bahimbaje umunsi mukuru wa EID HADJI kuruno munsi igenekerezo rya 24/9/2015.
Hano mu Burundi naho nyene uyo munsi mukuru wahimbajwe aho twashoboye guca tukaba twasanzwe aba ISLAM bariko barawuhimbaza mu kuja gushima uhoraho mu misigiti itandukanye ya hano mu gihugu bc’uburundi.
islam
Ikinyamakuru canyu ubmnews.com kikaba caganiriye na bamwe muri abo ba ISLAM aho batubwiye ko uyo munsi uje mu gihe ubukene ari bwinshi bakaba bataza kuryoherwa cane kuko ata mahera ahari muri kino gihe.