Nkuko ikinyamakuru Bujumbura.be kibishikiriza ngo muri Negociation ziriko zibera mu Butaliyano neza neza muri Rome hagati ya M26 hamwe n’ubutegetsi bwa Bujumbura habonetse igitigiri citirirwa amahera umukuru w’Igihugu c’Uburundi ashobora kuba afise gushika izi saha.
Muri iyo Negociation ivurwa ko ishobora kuba iriko iraba naho bitarashirwa ahabona, bivurwa ko ubutunzi b’uyo mutware bushobora kuba buriko busabirwa gukingirwa ngo ntibukorweko mu gihe yova ku butegetsi naho urundi ruhande narwo rusaba ko ahubwo ibice 20% gusa vy’ayo mahera ariyo yoshobora gushikirizwa uwo yitirirwa ko ari ayiwe ariko ayasigaye yose agasubizwa mu bigega vy’igihugu c’Uburundi.
Ayo mafaranga ariko atera induru ngaho muri ako gace k’isi ngo angana n’ama Milliyaridi 900 y’amafaranga y’amarundi. Nkuko ico kimenyeshamakuru kibandanya kibivuga ngo bishoboka ko aho bazosubirira guhura imirwi izoharira izoba yahindutse kubera bishoboka ko nyene ako kayabu k’amahera ashobora kuja kuyiburanirira.
Gumana n’ikinyamakuru canyu mumenye vyinshi kuri iyo negociation itarashirwa ahabona ariko bivurwa ko ishobora kuba ihari
Recent Comments