Umumenyeshamakuru Kenny Claude yagirizwa amacakubiri yoba yavuye mu gasho atamerewe neza

0

 

Iri n’ikete yanditse atabaza

Ndabahaye mwiriwe, nizeyeko mumeze neza, jewe ngaha nziko mwese muri abagumyabanga, ndafise akambakiye, nipfuje kubabwira, kuberiki Muselemu yanseko bangemurira? Akamfunga ikiringo kingana kurya? 33Jrs???? Hama kuva lundi le 8.2.2021 andekuye naramubwiyeko ntashe ngwaye kumbe sinarinzi ivyarivyo kumbe mwiyo misi yose nagaburiwe uburozi, nakomeje kuribwa mu nda nkibaza ngo ni estomac, kumbe nahawe ibitarika nabimenye ngiye kwivuza barapima baramurika barabura kandi nkumva nkomeza kuremba, ngiye mu kirundi baduhaye umuti twese ndikumwe nabari bamperekeje, kuva uwo mwanya natanguye diarrhée gushika nubu nta gahengwe ndaronka, none ga yemwe uko Niko abacu basigaye bakora? Jewe nanka urusaku niyo mpamvu ndabivugiye aha kandi nawe nyene ari ngaha kuru rubuga, mundabire iryo bara, sinibazako yonkorera ikibi nkico ndabonye impamvu yankako bangemurira yashaka ampe ibikwiye.

 

N.B: ndabiziko ashobora kungirira nabi nkuko yatanguje urwo rugamba akanyuruza mwibanga, nejo nejobundi nkapfa, nkicwa, nkagira ikindi kibi cose nkorerwa ntimuze muronderere ahandi kuko ivyo mbonye binyeretse ivyo ntakeka.

 

Muselemu kurya ukeneye kurera niko nanje ndabikeneye ariko niwanyica nawe uzicwe nabandi kandi nta nyungu bizoguha.

 

Reka ndabasezere ndaziko uruhigi kuri jewe rugiye gutangura, ariko wica isake ntiwica ico yabitse.

 

Kenny Claude Nduwimana journaliste indépendant.