Umutegetsi akomeye ku batwara Uburundi yashitse i Bujumbura

0

Icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa yashitse i Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, mu rugendo rw’iminsi ibiri ajejwemwo, aho azobonanira n’abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, harimwo n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ubuserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi buremeza ko icegera c’umukuru w’ico gihugu, Li Yuanchao azogendera Uburundi kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 10 gushika kuwa gatanu igenekerezo rya 12 Rusama 2017, ku butumire bwa Reta y’Uburundi. Nirwo rugendo rwiwe rwa mbere azoba agize mu Burundi, rukaba n’urugendo rwa mbere rukomeye rukozwe n’umutegetsi w’Ubushinwa.

Zhuo Ruisheng, aserukira Ubushinwa mu Burundi avuga ko urwo rugendo ari urwo gushira mu ngiro ivyumvikanwe n’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa, mu nama yabereye mu gisagara ca Johannesburg muri Afrika y’epfo, mu kwezi kwa Kigarama 2015, ku bijanye n’imigenderanire hagati ya Afrika y’Ubushinwa.

Igihugu c’Ubushinwa gisanzwe kiri mu bifasha cane Uburundi mu bisata bitandukanye, kuva ibihugu vyo mw’ishirahamwe rya Buraya bihagarikiye gutanga imfashanyo ku Burundi.

Amakuru ataremezwa avuga ko hoba hagiye guterwa umukono ku masezerano atandukanye, avuga ibijanye n’ingene Ubushinwa bwohabwa gucukura ubutare mu Burundi.