Kuva mu mwaka wa 2012 niho umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana yatanguye guhanura umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ngo ntaheme asubira kwitoza ubugira gatatu, ivyo akaba yabikuye ku nyandiko zitandukanye zaguma zandikirwa umukuru w’igihugu nkuko yabishikirije uyu munsi aho yari umutumire mu makuru kw’i radio yabanyagihugu ikorera i Bujumbura.
Muri ico kiganiro nyene akaba yanamenyesheje ko akiri umuvugizi w’umukuru w’igihugu gushika akuwe muri ayo mabanga, ariko uko yavuga yanamenyesheje ko ubucuti bushobora kuba butakiri bwiza ariko ko ico umukuru w’igihugu amutumye cose ashobora kugikora, ndetse yanagiriyeho avuga ko abibaza ko ashobora gukurwa muri ayo mabanga we yavuze ko abarundi bose atari abavugizi b’umukuru w’igihugu kandi barabayeho.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko gushika kuri ino saha ari umugumyabanga ko atawomukura kwitwa iryo zina kuko yarihawe n’ubugumyanga nyene. Ngo nta tegeko na rimwe ryakurikijwe mu kuvuga ko akuwe mu mugambwe yaba we na bangenzi we kuko inzego zose zari kubazwa ata m’imwe yabagishije inama.
Recent Comments