Ishirahamwe HRW risabira ibihano bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure

0

Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Human Right Watch risabira ibihano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamwe mu bagize umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi Imbonerakure.

Mw’itangazo rya Human Right Watch,iryo shirahamwe rimenyesha ko urwaruka rw’imbonerakure rwakubise umuhungu w’imyaka 15 gushika aho yitaba Imana.

Human Right Watch imenyesha ko urwaruka rw’imbonerakure rwihaye uburenganzira bwo guhagarika abantu ku mabarabara mu ntara zitandukanye,rukabasaba amahera canke rukiba ivyo baba bafise.

Muri iryo tangazo Human Right Watch imenyesha ko bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure bafise inguvu zirenga iz’abajejwe umutekano bazwi n’amategako,kandi bakorana n’urwego rujejwe igendereza mu Burundi.

Human Right Watch isaba umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe umutekano kubuza gutembera no gufata ubutunzi bw’abagirizwa ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Mu kurangiza ,Human Right Watch isaba umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutanguza amatohoza vyihutirwa,kugira bamenye abari mu rwaruka rw’imbonerakure ,abajejwe umutekano canke abandi bari ku butegetsi bagirizwa amabi.