Rutana: Umudandaza Evariste NYANDWI batazira Matwi yaburiwe irengero

0

Kuva kw ‘igenekerezo rya 30 Kigarama,umwaka wa 2016,umudandaza wo mu ntara ya Rutana Evariste NYANDWI batazira Matwi ,ntawuzi irengero ryiwe. Abo mu muryango wiwe bamenyesha ko bafise ubwoba ko bashobora kumutora ari ikiziga.

Amakuru ava mu ntara ya Rutana amenyesha ko mu gatondo ko kuwa gatanu igenekerezo rya 30 Kigarama umwaka wa 2016,Evariste NYANDWI yagiye ku mirimo ya minsi yose mu gisagara ca Rutana aho yari asanzwe akorera urudandazwa,aja kuruhuka nk’igihe c’isaha zitandatu z’umutaga nkuko bisanzwe.

Kuva ahejeje akaruhuko abo mu muryango wiwe bavuga ko batasubiye kumubona,ico babonye gusa ari imodoka yiwe yatowe bukeye hafi y’ikibuga c’inkino c’intara ya Rutana,ibonywe n’abana biwe bariko barakina.

Umupfasoni wa Evariste NYANDWI,Janviere KAMIKAZI avuga ko batabona ico bokora,kuko badashobora kugandarira uwo batarabona ikiziga,agasaba uwogira inkuru y’umushingantahe wiwe kuyimumenyesha.

Umuryango wa Evariste NYANDWI usaba abajejwe umutekano n’abajejwe intwaro gukora ibishoboka vyose kugira uwabo aboneke,ariko bafise amakenga kuko ,mu gihe komiseri w;igipoilisi mu ntara ya Rutana yari yamenyesheje ko amatohoza yatanguye,gushika ubu babona ko bisa naho ata kirakorwa.

Mu gipolisi bavuga ko amatohoza akibandanya kw’izimangana rya Evariste NYANDWI.