Umumenyeshamakuru wa Radio 10- Buja FM yahora mw’ibohero yarekuwe

0

Umumenyeshamakuru wa Radio 10- Buja FM yahora apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura yarekuwe kuri uwu wa kane. Mu muryango wiwe, hamwe no mu muryango w’abamenyeshamakuru ni umunezero.

IRAKOZE Gisa Steve, umumenyeshamakuru wa Radio 10- Buja FM yahora apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura kuva kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro 2016. Uwo mumenyeshamakuru agifatwa, yabanje gupfungirwa mu gasho ko mu Gatumba, mu nyuma aca ajanwa mu gasho k’igendereza.

gisa

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yari yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru yakuwe mu gasho ko mu Gatumba, akaba apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura, yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu.

IRAKOZE Gisa Steve asanzwe avuka i Bubanza, ariko akaba afise ubwenegihugu bw’Uburundi n’Urwanda aho yigiye amashure mato mato mato n’ayisumbuye, yafatiwe mu bunywero buri mu Kajaga, aho asanzwe aba.

Umuryango wari watewe amakenga n’iryo fatwa ryiwe, ukaba wari wasavye ko yorekurwa. Kuri uwu wa kane, akaba ariho uwo mumenyeshamakuru yarekurwa.