UBM News ads UBM News ads
Friday, June 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

ˮLift‟ canke ni ukwipakiza?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuva aho ashikiriye mu mabanga yo kuyobora igihugu c-uburundi, umukuru w-igihugu c-uburundi Perezida Evariste Ndayishimiye  aramaze gukora  ingendo zitari nke n-ubu akizibandanya mu bihugu bitandukanye vya Afrika. Aha twovuga nk-ibihugu vya : Tanzaniya,Guinee Equatorial, Gabon, Republika centrafricaine, Egypte, Congo Brazzaville, Uganda na kenya.Kenya Airways (@KenyaAirways) | Twitter

Mugihe igihugu c-uburundi kimaze igihe ata ndege yaco gifise yo kurerura umukuru w-igihugu, Umurwi w-abarundi batari bake bahaye bibaza ibibazo bitari bike  inyuma  yaho baboneye umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye aguma yiyunguruza mu ndege z-amashirahamwe yunguruza abantu ziba zituruka mu b-ibihugu aba agendeye , aha twovuga  nka Egypte Air, Uganda Air, Kenya Airlines. Bamwe bati biboneka ko yoba ari ˮLift‟  perezida Ndayishimiye aba yahawe ufatiye k-ukuntu umukuru w-igihugu avuga ko aba agiye k-ubutumire bw-abagenziwe baba bamutumyeko babonane canke nko kwitabira imanza ziba zateguwe n-ivyo bihugu, ko rero vyoroshe kandi vyokwumvikana bamurungikiye indege yo kumurerura .

Abandi nabo bakabonako ahubwo naho igihugu c-uburundi ata ndege yaco gifise isanzwe irerura umukuru w-igihugu vyoba ari igitutsi canke iceyi ku gihugu hamwe umukuru w-igihugu c-uburundi agendera mu ndege abanje kurungikirwa n-abagenziwe, ko rero atagukekeranya perezida Ndayishimiye yipakiza mwazirya kompanyi z-indege tuba tumubona agiyemwo ko kandi amahera yagenewe ivy-ingendo z-umukuru w-igihugu asanzwe aba ariho yarateguwe.

Hakaba n-abandi bavuga ko yaba gusaba ˮlift‟  canke ˮkwipakiza‟  kwa Perezida Ndayishimiye, vyose ukwari bibiri bitanga ishusho mbi ku gihugu c-uburundi ko ivyari kuba vyiza n-uko igihugu categerezwa kuba gifise indege yaco yagenewe kwunguruza umukuru w-igihugu c-uburundi hamwe n-abo bisangiye amabanga yo kuyobora igihugu.

 

Twobamenyesha ko haciye imyaka irenga cumi  n-itatu igihugu c-uburundi ata ndege yo kwunguruza umukuru w-ighugu iyo agiye mu mahanga  ihari. Iyaheruka kubaho bita FALCON50 yahavuye  igurishwa na Leta y-uburundi ihowe ko itagikomeye ariko abahinga muvy-indege harimwo n-umudereva yahora ayinyonga bose baremeje ko iyo ndege yagurishijwe kandi igikomeye.

Mu mwaka w-2014, Ibiro vy-umukuru w-igihugu w-ico gihe vyaratangaje ko haguzwe indege igiye kuzoza irarerura umukuru w-igihugu mu gihe azoba afashe ingendo mu mahanga, ko iyo ndege yaguzwe imiriyoni 8 n-igice z-amadorare y-abanyamerika. Ivyatangaje benshi kuko iyo ndege kuva itangajwe ntirigera iboneka kandi amahera yagenewe kubungabunga iyo ndege yama yashizwe k-urutonde rw-amafaranga Leta y-uburundi izokoresha buri mwaka, bamwe n-abandi bemeza ko ari ubusuma ndetse n-isesagurwa ry-ubutunzi bw-igihugu kubona  hategekanywa amafaranga y-indege itabaho.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments