Mu gihe vyitezwe ko Jacob Zuma wa Afrika y’Epfo atanga imihoho akarekura ubutegetsi, ibintu biriko biramuhindukana atavyiteze naho avuga ko atariko arekura ubutegetsi.Ubu hari ukurabana ayingwe hagati yiwe n’umukuru wa ANC, Cyril Ramphamosa. Ubu naho wa Muryango waba Gupta Zuma yagirizwa kunyururizamwo amatungo ya leta, wazindutse wugarijwe n’umurwi ujejwe kurwanya amabi aho muri Afrika y’epfo.
Uyo muryango uvugwa ko utunze cane muri ico gihugu, wagirizwa kugira uruhara cane no kugira akosho ku mukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma. Amakuru amenyeshwa na eNCA aho muri Afrika y’Epfo, umwe mu bagize uyo muryango yahagaritswe. Impamvu yo guhagarikwa ntiramenyekana.
BREAKING: @eNCA conforms that one Gupta brother and a business associate arrested. Other Gupta family members negotiating to hand themselves over.
Case understood to be connected to #EstinaDairyProject and @MasekoThembaJ State Capture allegations re GCIS.— Karyn Maughan (@karynmaughan) February 14, 2018
Uyo muryango waba Gupta uragirizwa cane mu mabi yo kunyuruza amatungo ya leta ufatanije na Jacob Zuma. Uyo muryango kandi uragirizwa kuba warivye amafaranga menshi ashika ku mamiliyoni y’amadolari muri Estina Dairy Project ihingura ibijanye n’amata.
Ayo mahera bikavugwa ko yari agenewe aboro ariko akaba yaciye akoreshwa kubwo kwinezerererwa umusi w’ubugeni w’umwe muri uwo muryango.Ni amakuru aguma aja ahabona…