INTERNATIONAL NEWS

Zimbabwe:Emmerson Mnangagwa wa ZANU-PF yatsinze amatora, Mugabe n’abatavuga rumwe banse ivyavuye mu matora.

on

Mu matora yabaye ku musi wa mbere mu gihugu ca Zimbabwe, yabaye yo matora abaye muri ico gihugu hatarimwo Robert Mugabe yari amaze imyaka myinshi atwara ico gihugu, akaba yakurikiwe n’akajagari ko kwiyamiriza ivyayavuyemwo n’abatavuga rumwe na leta, maze abantu batatu bakaba barahasize ubuzima mu mishamirano hagati y’igipolisi n’abiyerekana.

Umurwi ujejwe amatora muri Zimbabwe ukaba watangaje ko Emmerson Mnangagwa wa ZANU-PF ariwe yatsinze ayo matora ku bice 50,8 kw’ijana mu gihe abo batavuga rumwe baserukiwe na Nelson Chamisa wo mu mugambwe MDC waronse ibice 44,3 kw’ijana muri ayo matora.

Emmerson Mnangagwa wa ZANU-PF akaba yari yakuye ku butegetsi uwahora atwara ico gihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yari amaze imyaka 30 atwara ico gihugu.

Robert Mugabe akaba yari yatangaje ko atarota atora umugambwe ZANU-PF yahoramwo bivanye n’uko uwo mugambwe ariwo wamukuye ku butegetsi ku nguvu.

Abatavuga rumwe na leta ya Zimbabwe abakaba batashimishijwe n’ivyavuye muri ayo matora. Umuvugizi wa MDC, Morgan Komichi, akaba yamenyesheje ko ivyavuye mu matora avyiyamirije maze amenyesha ko iharurwa ry’amajwi “ryabayemwo ubusuma” kubera ko ivyavuye mu matora “bitasuzumwe natwe”.

Morgan Komichi akaba yaciye akurwa ku nguvu n’igipolisi i Harare aho yariko avugira ivyo vyo kwiyamiriza ivyayavuyemwo.

Recommended for you