INTERNATIONAL NEWS

Zimbabwe: Robert Mugabe Ntiyorohewe Kubera Ko Igisirikare Ciwe Kimwugarije.

on

Mu gihugu ca Zimbabwe, cane cane ku murwa mukuru w’ico gihugu Harare, hariko hiyongera umugwi munini w’abasirikare hamwe na za Blindés, ku buryo biriko biribazwa ko yoba ari Coup d’Etat igomba guterwa umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe( uwusanzwe afise imyaka 93) kandi akaba amaze imyaka myinshi atwara ico gihugu.

Ivyo bishitse inyuma y’aho umukuru w’igisirikare c’igihugu ca Zimbabwe atanze ingabisho ikomeye ku mukuru w’igihugu, Mugabe, ko yohagarika ivyo kubandanya yirukana abantu bava muri leta yiwe. Nkuko ibinyamakuru hirya no hino biriko birabitangaza, vya bimodoka vya gisirikare ari vyo Blindés vyabonywe nko ku bilometero 20 uvuye I Harare Ku murwa mukuru.

Icabitumye cose n’ikurwa mu mabanga kw’icegera c’umukuru w’igihugu yakuwe mu mabanga na Robert Mugabe, maze Mugabe ca afata ingendo yo gutangura kwirukana abasirikare bamwe bamqe bayoboka uwo yirukanwe mu mabanga.Niko umgabisha w’ingabo, Constantino Chiwenga(ari kumwe na Mugabe i bubamfu kw’ifoto), yaca atanga ingabisho kwa Mugabe ejo ku musi wa mbere ko yahagarika iyo ngendo yo kubirukana, ko ‘igisirikare covyinjiyemwo kikabihagarika’.

Icegera ca Mugabe giheruka gukomborwa mu mabanga mu ndwi turangije, vyahora vyibazwa ko ariwe agiye gusubirira Mugabe ku Butegetsi, vyahavuye bigaragara ko yatanguye gutata na Grace Mugabe, umukenyezi wa Mugabe, uwusanzwe arondera nawe nyene gusubirira mu mabanga yo kuyobora ico gihugu umugabo wiwe avuye ku butegetsi.

Recommended for you