NEWS

Zeid Ra’ad al Hussein: ‘ Uwo ariwe wese azobabara niyo Uburundi bwaja mu ntureka mu matora canke inyuma yayo…’

on

Zeid Ra’ad al Hussein , asanzwe ahagarariye umurwi wo muri ONU ujejwe kuraba uko agateka ka zina muntu kubahirizwa kw’isi( UN Human Rights Council) nawe yagize ico avuga ku biriko biba mu Burundi, na cane cane ku bwicanyi bwahitanye abantu 26 mu ntara ya Cibitoki, aho yamenyesheje ko ‘igihe Uburundi bwogwa mu ntureka mugihe c’amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro canke inyuma yayo, ata numwe atobabara’.

Zeid Ra’ad al Hussein akaba yamenyesheje uyu musi wa kabiri ko hari insobanuro nyinshi na cane cane ku bijanye na bande bakoze ubwo bwicanyi hamwe n’impamvu zabibatumye mukugandagura abarundi 26 mu cibitoki ku wa 11 Rusama 2018.

Zeid Ra’ad al Hussein yamenyesheje ati: “Bishobora kuva vyatumwe n’impamvu za politike, bigamije kugira ico bikoze ku matora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro…canke ubwo bwicanyi bushobora kuba bwakozwe ku bw’izindi mpamvu, harimwo ukwihora. Abantu baba mu karere habereyemwo ubwo bwicanyi bakaba bamenyesheje ko abo bakoze iryo bara bari bamabaye impuzu za gisirikare, ariko ibi si ngombwa bisobanure neza abo aribo“.

Zeid Ra’ad al Hussein akaba yahamagariye abategesti b’Uburundi kubaho bazi inshingano zo gukingira abanyagihugu mu mahoro n’umutekano.

” Uburundi bwuzuye ibihuha, ibiganiro vya politike vyarahagaze, kandi ibintu bitera vyunyuka vyihuta inyuma y’ubu bwicanyi, benshi bibaza ibishobora kuba mu matora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro canke iinyuma yayo”, niko Zeid Ra’ad al Hussein yasozereye avuga.

Recommended for you