NEWS

Zambia:Abarundi 4 bafashwe bagirizwa gucuruza isukari mu buryo butemewe n’amategeko.

on

Igipolisi mu gisagara ca Lusaka, umurwa mukuru wa Zambia, cahagaritse ku wa gatanu 8 Ruheshi 2018 abantu batanu harimwo abarundi bane n’umukongomani umwe bagirizwa kudandaza isukari mu buryo butemewe n’amategeko.

Nk’uko ikinyamakuru Premium Times kibishira ahabona, abo barundi bane bafashwe n’uwo mukongomani bakaba kandi bagirijwe gukoresha ibimenyestso vy’Ubudandaji(trademarks) bikoreye bitarivyo hamwe no kudandaza ibidandazwa bifise ibimenyestso vy’ubudandaji bitari vyo.

Ico kinyamakuru kikamenyesha ko abo bahagaritswe igihe igipolisi ca Zambia cakora umusako mu buraruko bw’igisagara ca Lusaka aho abagirizwa bafashwe bariko bapakira isukari ivuye mu bindi bihugu bashizeko ibimenyestso ko yakorewe muri zambia( Zambia Sugar PLC, ishirahamwe rya Zambia rihingura isukari).

Igipoli kikaba camenyesheje ko babiri mu bagirizwa barekuwe mu gipolisi, abandi batatu bakaba bitezwe ko barenguka imbere y’Ubucamanaza vuba cane.

Ubutegetsi bwa zambia bukamenyesha ko isukari itari yo imaze gukwiragira mu ntara 10 z’ico gihugu kandi ko ‘abaguzi bokwiyubara n’isukari bagura iyo ariyo’.

Recommended for you