Ibanki BCB yatangaje kuri uyu wa gatanu irekurwa rya za miliyoni zibiri z-amadorari y-abanyamerika zaheruka gufatwa n-ubucamanza bwa Kenya ku mvo z-amatohoza ko zahavuye zirekurwa kuko ata mvo y-ubusuma buri inyuma y-irungikwa ry-ayo mafaranga.
Nkuko tubisanga mw-itangazo ryashizwe ahabona n-ibanki BCB, Kw-igenekerezo rya 7 Ntwarante 2022 niho amatohoza yarangira, maze ikigo kijejwe ibijanye n-isuzumwa ry-amafaranga mu gihugu ca Kenya ARA (Assets Recovery Agency) cemeza ko «canyuzwe n-insiguro Ibanki BCB yatanze» maze kigirako gitanga uruhusha ko ayo «mafaranga yari yafashwe yorekurwa , ndetse n-idosiye y-ayo mahera iri mu butungane ikugarwa».
Kw-igenekerezo rya 17 Ntwarante 2022, niho igisata co mu butungane kijejwe kurwanya ibiturire n-ivyaha bifatiye ku butunzi cafata ingingo yo kurekura ayo mafaranga burundu maze agasubizwa ibanki BCB y-i Burundi.
Tubibutse ko izo miriyoni zibiri z-amadorare y-abanyamerika zari zafatiwe mw-isakoshi y-umunya kenya ku kibuga c-indege ca Kenya zivuye i Burundi. Mu nyuma ibanki BCB yahavuye itangaza ko ayo mafaranga yari ayayo . Ubucamanza bw-igihugu ca Kenya bwahavuye buha itegeko ikigo kijejwe amakori mw-ico gihugu gufata ayo mafaranga kubera ko uburyo yariko atemberamwo bwari buteye amakenga , aho hikeswe ikoreshwa ry-amahera mu buryo butemewe bise mu rurimi rw-igifaransa «blanchiment d’argent».