INTERNATIONAL NEWS

Xi Jinping Yoba Agiye Kuganza Nk’Umwami Mu Bushinwa ?

on

Ubushinwa Bugiye Gukuraho ibiringo Vy’umukuru w’igihugu nk’uko Umugambwe uri kubutegetsi bwa Xi Jinping( CCP) wabishize ahabona, ivyo navyo bikazotuma Xi Jinping yatwara ico gihugu c’igihangange kw’isi atwara ikiringo ca gatatu. Abihweza ibintu n’ibindi babona ko Xi Jinping agiye gutwara Ubushinwa ibihe vyose vyiwe, aganze nk’umwami.

Ikinyamakuru ca leta y’Ubushinwa, Xinhua, catangaje ko Umugambwe uri ku butegetsi ugiye gukuraho intunganyo y’uko umukuru w’igihugu n’icegera ciwe « bategerezwa gutwara gusa ibiringo bibiri bikurikirana », nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro ry’ico gihugu.

Integuro y’iryo bwirizwa shingiro ryahinyanyuwe ikaba yitezwe kwemezwa n’Inama Nkuru y’Igihugu muri Ntwarante 2018. Igihe rizokwemezwa, umukuru w’igihugu c’Ubushinwa, Xi Jinping, azoba afise uburenganzira bwo gutwara imyaka yose.

Naho biri ukwo, abahinga berekana ko ukwo kuntu Xi Jinping yoba agaragajemwo ububasha gutyo burenze kubera ko asanzwe atanemera ko hari aboza bashaka kumusubirira. Ivyo kandi vyotuma haba imigumuko muri ico gihugu kirimwo abantu benshi kw’isi, bamwe barondera gushikira ubutegetsi uko vyogenda kwose.

Recommended for you