NEWS

Woba uzi ko Uburundi bugiye kugengwa n’ibwirizwa nshingiro rishasha kuva uno musi ?

on

Kuruno wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi niho umukuru w’iogihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yateye umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha riherukwa kwemezwa ku kirimba kiri mu ntara ya Gitega.

Abenshi bibaza nimba iryo bwirizwa nshingiro rizoca rija mu ngiro vuba vya bangwe canke rizorindirizwa gushika inzego zatowe n’izashinzwe imyuma y’amatora yo mu mwaka wa 2015 ziheze ico kiringo.

Abanonosoye ivy’amategeko bavuga ko ata mabwirizwa abiri abangabanganywe ashobora kubaho mu gihugu kimwe iyo rishasha ryemeje rica rija mu ngiro vuba iryahahora rigashirwa k’uruhande.

Bitegekanijwe ko ibirori bibandaniriza muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega aho umukuru w’igihugu yatangurije ico gikorwa kuva kigitangura.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA

Abanayagihugu batari bake bitavye ivyo birori aho umukuru w’igihugu aza kuboneraho akaryo ko guca ashikiriza ijambo abarundi n’igihugu.

Abatavuga rumwe na Reta nk’urunani Amizero y’Abarundi,Umugambwe Sahwanya Frodebu ntiyigeze yemera ico gikorwa naho yagiye mu matora yagumye ishikiriza impungenge zabo ko iryo bwirizwa nshingiro ata rukiza rigiye kuzanira igihugu ndetse yongera yamirira kure ivyavuye murayo matora inyuma yaho CENI yemeje ko Ego yatsinze.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, umurwi CENI uca umenyesha ibiharuro mfatakibanza kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, niho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeza ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ica ivuga ko ibirego vyatanzwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ko amatora yaranzwe n’utunenge, bidafise ishingiro.

Recommended for you