NEWS

Willy NYAMITWE yarashwe mu gitero

on

Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi yarashwe mu gitero cabaye kuriwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abantu bataramenyekana bakaba bamutegereye atashe. Ico gitero cabereye hafi y’urugo rwa Willy NYAMITWE, mu Kajaga, kw’ibarabara rya Bujumbura-Gatumba.

Willy NYAMITWE yakomerekejwe ku kuboko n’amasasu yarashwe, umwe mu bamucungerera ubuzima akaba ariko yaciye yitaba Imana, uwundi arakomereka cane, nk’uko mu giporisi bavyemeza. Willy NYAMITWE yaciye ajanwa kuvurirwa muri KIRA HOSPITAL, ibitaro biri mu gisagara ca Bujumbura.

nya

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abakoze ico gitero bataramenyekana.

Recommended for you