NEWS

Willy Nyamitwe Amenyesha Ko Abakoze Raporo Ya ONU Ku Burundi Ari ‘Abacangero’.

on

Mu gihe hariko havugwa vyinshi cane cane ku kuntu bizogenda ku vyerekaye abo ONU iheruka kudomako urutoki ku kuba baragize uruhara mu guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi, abategetsi bamwe bamwe ba Leta y’Uburundi baramaze kuvuga aho bahagaze.

Willy Nyamitwe, Umuhanuzi adasanzwe mu biro vy’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko abaheruka gukora raporo ya ONU ku Burundi yaje idoma urutoki ku bari muri Leta n’abatari muri yok o bagize uruhara mu gukora amabi( Crimes contre l’humanité) ko ari ‘abacangero’( Mercenaires mu gifaransa).

Ayo majambo Nyamitwe cane cane yavuze ku rubuga rwa Twitter rwiwe atumbereje ku wuhagarariye umugwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva Ndamukiza 2015, ariwe Fatsah Ouguergouz, agira ati: “ Ndatwenga mu gihe ndiko nditegereza ukuntu umucangero Fatsah Ouguergouz avuga nabi Uburundi kuri France24.Ariko ntaco bivamwo”.

Ivyo biri uko mu gihe uyu musi itariki 11 Nyakanga 2017 huguruwe I Geneve ibikorwa vy’Umurwi ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu hakazibandwa na cane cane ku kibazo c’Uburundi, aho n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya buzogira ico buvuze kuri leta y’Uburundi ubona ko Leta y’Uburundi na UE bisa nibidacana uwaka muri kino gihe.

Ibizova muri iyo Nama idasanzwe y’uwo Mugwi ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu I Geneve biriteganywe umushasharo cane kuri bamwe bavuga ko bahuye n’amabi yakozwe kuva muri Ndamukiza 2015, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike; hama kandi na Leta y’Uburundi ikaba yiteze ikizova muri iyo Nama aho bamwe mu bagirizwa gukora amabi bari muri leta bashobora guca barengutswa.

Recommended for you