Thursday, December 1, 2022
HomeNewsIshirahamwe ry-abakenyezi bize ivy-amategeko AFJ niryo ryari ryanyegeje wa mugore Emelyne Ndayishimiye...

Ishirahamwe ry-abakenyezi bize ivy-amategeko AFJ niryo ryari ryanyegeje wa mugore Emelyne Ndayishimiye yatoroka k-umusi w-ubugeni, vyatangajwe n-igipolisi.

Inyuma yaho umugabo wiwe yituriye igipolisi asaba ko bomufasha kurondera umupfasoni wiwe, vyahavuye bimenyekana ko Emelyne Ndayishimiye yatoroka ku musi w-ubugeni yari yanyegejwe n-ishirahamwe ry-abakenyezi bize ivy-amategeko AFJ , nk-uko bivurwa na Petero Nkurikiye umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano n-intwaro yo hagatimu gihugu.Wa mukobwa Ndayishimiye Emelyne watengushye umugab - Inyarwanda.com

Nk-uko bibandanya vyiganwa na Petero Nkurikiye , umupfasoni Emelyne Ndayishimiye aho yari yugaraniwe n-iryo shirahamwe ry-abakenyezi bize ivy-amategeko  nta burenganzira na bumwe yarafise: ntiyavugana n-abantu,  terefone zose bari bazimwatse, icibagiwe co kwari ukurenga urupangu mu kiringo c-amezi atatu yaramaze aho hantu.

Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano amenyesha ko bariko bamugirako amatohoza uwo mupfasoni Emelyne ku caha co guta urugo bisunze ingingo ya 556 y-igitabo mpanavyaha kuko ngo naho batari bwahezagirwe imbere y-abakozi b-Imana bari bamaze kwubaka imbere y-amategeko, aragirizwa  kandi ububeshi,gusesaguza imiryango hamwe no gusuzugura  imiryango n-inzego za Leta .

Kuvyerekeye iryo shirahamwe AFJ ryari ryugaranye uwo mukenyezi ngo naryone bariko barigirako amatohoza na cane ku caha co guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu kuko ngo bihaye uburenganzira bwo kugarana umuntu.

Must Read