INTERNATIONAL NEWS

Vyovugwa ko Trump Yatsinze Kuri Korea ya Ruguru.

on

Korea ya ruguru ‘yahagaritse ivyo kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda’.Igihugu ca koreya ya Ruguru cari kigize imisi kigerageza ibigwandisho ruhonyanganda, camenyesheje ko guhera iyi tariki ya 21 Ndamukiza 2018 ata bigwanisho ruhonyanganda ico gihugu kizosubira kugerageza, nk’uko umukuru w’ico gihugu ca Koreya ya Ruguru, kim Jong Un yabimenyeshje.

Ibibanza vyahora bigeragerezwamwo ivyo bigwansho ruhonyanganada bikaba vyugawe. Iyo ngingo ya koreya ya Ruguru ikaba yakiriwe neza na Leta Zunze Ubumwe za amerika ariko yakirwa mu buryo bwo kwitondera n’Ubuyapani.

Mw’itangazo rya Kim Jong Un ryasomwe kuri Televiziyo ya Korea ya ruguru, KCNA, ryashikiriye AFP, ryavuze riti: “Guhera kuri uyu wa 21 Ndamukiza 2018, Koreya ya ruguru igiye guhagarika ukugerageza ibigwanisho ruhonyanganda hamwe no kurungika ibimisiles bishobora gushikira iyindi mibumbe[ICBM]”…hagiye kwugarwa ibibanza vyo kugeregerezwamwo ibigwansiho ruhonyanganda kugira hiyemezwe neza umugambi wo guhagarika ivyo bikorwa ugiye mu ngiro…“.

Iryo tangazo rije hasigaye gusa indwi imwe kugira habe umubonano wari witezwe hagati ya kim jong un na mugenziwe wa Koreya y’epfo , Moon Jae-In, hama hakaba uwundi mubonano hagati ya Kim Jong un na Donald Trump mu ntango za Ruheshi.

Donald Trump yari asanzwe aguma aterana amajambo na Kim Jing Un ubuho yakengurutse cane iyo ngingo ya Kim Jong Un kubona yahisemwo guhagarika ibikorwa vyari guhava bituma Amerika na Koreya ya ruguru bitana mu mitwe.

Recommended for you