Thursday, December 1, 2022
HomeNewsVOA ntiremererwa gukorera mu Burundi kubera ikoresha Umumenyeshamakuru arwanya ubutegetsi(CNC).

VOA ntiremererwa gukorera mu Burundi kubera ikoresha Umumenyeshamakuru arwanya ubutegetsi(CNC).

Igihe cose iradiyo ijwi rya Amerika izoba igikoresha umumenyeshamakuru Patrick Nduwimana akekwa kugira uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi mu mwaka wa 2015 , ntizokwemererwa gukorera ku butaka bw’igihugu c’uburundi.

Ivyo bikaba vyatangajwe na Vestine Nahimana arongoye urwego rujejwe gucungera ukwo amakuru atangwa, CNC hari mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Leta cabereye kuri uyu wa gatanu ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza .

Tubibutse iradiyo Ijwi rya Amerika ryatswe uburenganzira na CNC bwo gukorera mu Burundi mu mwaka wa 2018 ihowe ko iyo radiyo mva makungu ibandanya ikoresha umumenyeshamakuru akurikiranwa n’ubutungane bw’uburundi.

Must Read