NEWS

VOA na BBC Zoba Zigiye Gusubira Gukora Ukuri kwamye…

on

Mu kiganiro umukuru w’urwego rujejwe kuraba uko ibinyamakuru bikora mu Burundi, CNC( Conseil National de Communication), haramenyeshejwe ko Leta y’Uburundi iriko yiyumvira kurekurira BBC na VOA Kirundi gusubira gukora inyuma yo guhabwa amezi atandatu zidasubiye gusamiranira mu Burundi. Ayo maradiyo akaba yari yugawe hasigaye imisi mike ngo habe amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro.

Karenga ramadhan arongoye CNC yamenyesheje ejo ku musi wa gatatu ko abategetsi b’ayo maradiyo abiri yugawe bitezwe mu Burundi umwanya n’umwanya mu biganiro na leta y’Uburundi ariko akaba atamenyesheje ngo ni ryari. ” CNC irashima ukuntu abategetsi b’ayo maradiyo bemeye ko bakoze ukutarikwo maze barafata ingingo zo kubikosora”, niko Karenga Ramadhan yavuze.

VOA yaratwandikiye ku wa 18 Rusama kandi yemera ko hariho ibatagenze neza vyakozwe, bongera bariyamiriza ibinyoma bimwe bimwe bibavugwako”, niko Karenga yavuze yongerako ko “intumwa zo ku rwego rwo hejuru” za VOA zigiye kuza mu Burundi kugira habe ibiganiro bituma basubira gusamirana mu Burundi.

BBC ikaba yari yugawe mu Burundi kubera guha ijambo umwe mu batavuga rumwe na leta y’Uburundi[ Pierre Claver Mbonimpa], maze bifatwa ko ari nko ‘guhungabanya ubumwe bw’igihugu’. VOA nayo ikaba yari yagirijwe gukorana n’imbuga ngurukana bumenyi zikoreshwa n’ibinyamakuru vyugawe kuva mu mwaka wa 2015.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.