INTERNATIONAL NEWS

Vladmir Putin ‘Yarungitse Abasoda’ Muri Koreya ya Ruguru

By

on

Nkuko ikinyamakuru co mu Bwongereza Sunday Express cabimenyesheje uyu musi wa mungu, itariki 16/04/2017, hari ivideo yagiye ahabona yerekana umugwi munini w’abasirikale babarusiya I Vladivostok, mu burusiya ku bilometero 8 uvuye muri Koreyea ya Ruguru, mu gihe isi yose itere ija mu ntambara.

Iryo korakoranywa ryabasirikare b’Uburusiya ritaremezwa na leta y’Uburusiya, ryabonywe n’abanyagihugu baba mu gisagara co ku mupaka hama ica ishirwa ku mbuga ngurukana bumenyi.

Ibi bishitse mu gihe Koreya ya Ruguru igabishije ko biteguriye kuja muntamabara ‘simusiga na Amerika’, mu gihe Ubushinwa buhamagarira izo mpande zose uko ari zibiri kutabandanya barabana ayingwe ku buryo vyoshika aho ‘bitoba bigisubira inyuma’, nkuko Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’ubushinwa Wang Yi yabimenyesheje.

Kuriyi shusho, hariko ibiduga vya gisirikare vyarungitswe n’Uburusiya muri Koreya ya Ruguru

Inyuma yaho iyo video y’I Vladivostok igiriye ahabona, havyutse ubwoba bwuko Koreya ya Ruguru ishobora gutuma haba haba ugucanamwo hagati ya Amerika, Uburusiya n’Ubushinwa.
Uburusiya n’Ubushinwa vyose bibona ko gukingira Igihugu ca Koreya ya Ruguru ko ari kubwinyungu zabo.

Ku musi wa gatanu mw’iyi ndwi, Wang Yi w’Ubushinwa yamenyesheje ko “intamabara ishobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose”.

Ejo ku musi wa gatandata Koreya ya Ruguru yaratangaje isi yose mu birori vya gisirikare aho hashizwe ahabona misilles “zitari bwigere zibonwa na rimwe” nkuko Ibimenyeshamakuru vyinshi vyagiye birabitangaza, mbere na za missiles (ICBM) zishobora kugenda ibilometero bishika 10000 zaragiye ahabona, zishobora gushikira ubutaka bwa Amerika

Ivyo biri uko mu gihe Ubwato bwa Gisirikare bukomeye bukomeye ,USS Carl Vinson Striker Group, buriko bushika muri ako karere ka Koreya, kandi Donald Trump akaba yiyemeje ko Koreya ya Ruguru itegerezwa gukurwamwo ibigwanisho ruhonyanganda. Naho kurindira ico kazoza katubikiye.

Recommended for you