INTERNATIONAL NEWS

Vladmir Putin Yagabishije Ko Koreya ya Ruguru Ishobora Kuba Nka Iraq.

on

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladmir Putin, aragabisha igihugu ca Koreya ya Ruguru ko gishobora gushikirwa n’ivyashikiye igihugu ca Iraq kubera ingendo yaco yo kubandanya isomborotsa amakungu n’ukurasa ibisasu ruhonyanganda.

Putin yasavye cane Koreya ya Ruguru kwigira ku kuntu Iraq yatemvye munsi y’uwahora atwaza agahotoro ariwe Saddam Hessein muri 2006, maze agabisha ko nayo ishobora kumera nkuko mugihe itoheba inzira yayo idahimbara amakungu, maze igihugu ca Koreya n’abanyagihugu baho bakahasiga ubuzima nkuko vyabaye kuri iraq Saddam Hussein amaze kwicwa.

Ivyo putin akaba yabivuze mu nama iriko ibera mu Bushinwa BRICs ihuza ibihugu vya Bresil, Ubushinwa, Uburusiya, Afrika y’Epfo. Akaba yamenyesheje kandi ko gutorera inyishu ikibazo ca Korey ya Ruguru biciye ku ntambara “vyoba biteye ubwoba cane ku buryo vyohitana ibintu n’abantu batari bake ».

Igihugu ca Koreya ya Ruguru cahagurukiwer n’amakungu inyuma yaho kigeragereje ku musi wa mungu itariki 2 Nyakanga 2017 igisasu ruhonyanganda co mu bwoko bwa Hydrogen. Ico gisasu c’ubumara kikaba cariyamirijwe cane ko gifise ububasha busumba incuro zitandatu kurusha ca kibombe Amerika yatera ku gisagara ca Hiroshima mu mpera y’intamabara ya kabiri y ‘isi yose, icahitanye abantu barenga 40 000 ako kanya nyene.

Putin yamenyesheje ati : « Saddam Hussein yarahagaritse gukora no guhingura ibigwanisho vy’ubumara, ariko naho vyaboneka ko yabihevye, yarishwe hamwe n’abagize umuryango wiwe.Igihugu ca Iraq carasambuwe hama Saddam Hussein aricwa mu kumanikwa. Uwo ariwe wese arabizi, kandi nuwo ariwe wese muri Koreya ya Ruguru arazi ivyo ».

Vladmir Putin yarangije yiyamiriza ingendo ya Koreya ya ruguru yo guhingura ibigwanisho ruhonyanganda. Leta Zunze Ubumwe za Amerika,Koreya y’epfo n’Ubuyapani, ibihugu uko ari bitatu bisa n’ibiriko vyitegurira intamabra na Koreya ya Ruguru, biriko vyisuganya mu gukwiragiza ibigwanisho vyo mu bwoko buhanitse bigurwa biva muri Amerika bija muri Koreya y’Epfo n’Ubuyapani.

Recommended for you