Umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi aratanga icizere ku barundi ko uy’umwaka wa 2023 udashobora guhera isoko nkuru ya Bujumbura idatanguye kwubakwa. Gervais Ndirakobuca yabishikirije kuri uyu wa kane imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2022-2023.
“ikibazo kijanye n’isoko nkuru ya Bujumbura turiko turagikorerako kandi twibaza neza yuko uy’umwaka intumbero twihaye ntushobora guhera isoko nkuru ya Bujumbura idatanguye kwubakwa kuko ni igitutsi ku gihugu” Niko Gervais Ndirakobuca yishuye abashingamateka n’abakenguzamateka kw’ico kibazo kijanye n’iyubakwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura.
Ariko Abo batowe n’abanyagihugu bakaba bibukije n’ibijanye n’iyo soko imaze imyaka 10 ihiye bimaze kwirwa kenshi mu nama nshikiranganji ariko ntihagire ibikorwa bikurikira bakibaza aho biguma bipfira kugira iyo soko ntiyubakwe.