NEWS

Uwohoze ari Umuhuza w’Abarundi yitavye Imana mu gihugu c’Ububirigi

By

on

Iyo nkuru yamenyekanya kur’uyu wagatanu 29 munyonyo, Cheikh Mohamed Khalfan Rukara akaba yaramaze imyaka ishika ine mu gihugu c’Ububirigi aho yaragiye kwivuza nkuko amakuru ava mubo bakorana yabivuga, abandi nabo bakibaza ko yari yahunze kukutumvikana nabo bari kumwe mu mugambwe CNDD-FDD ku kiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu.

Cheikh Mohamed Rukara akaba yari mu mugambwe CNDD-FDD kuva ugitsinda amatora yo mu 2005. Akaba yagenwe kuba Umuhuza w’Abarundi mu mwaka w’i 2010. Akaba yarazwi cane mu bihugu vy’abarabu aho yaserukira Uburundi n’umugambwe CNDD-FDD mukurondera abo bofashanya mu gutezimbere igihugu. Akaba yaramaze gukora ibitari bike nko kugurura iradio na télévision Salama, imisigiti, kaminuza yitiriye Amahoro no Gusubiza hamwe (Université Paix et Réconciliation) hamwe n’ishure ry’isumbuye riri muri zone Buyenzi aho yavuka.

Ku mbuga ngurukana bumenyi za twitter Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza, akaba yahojeje umuryango wa Cheikh Mohamed Khalfan Rukara bagendanye mu bikorwa vya politike eka no mu mugambwe CNDD-FDD bakaba bahojeje umuryango w’uwo munywanyi wabo. Cheikh Mohamed Khalfan Rukara akaba yitavye Imana afise imyaka 62 y’amavuko.

Recommended for you