INTERNATIONAL NEWS

Uwatowe Na Trump Ngo Ayobore Ishirahamwe Ry’Abimukira OIM Ashira Imbere Abakirisu.

on

Mu gihe intwaro ya Donald Trump mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ibandanya yotswa igitsure ko itorohereza abantu bose uhereye ku bimukira, abanyagihugu ubwabo, ubu hoho uwagenywe na Donald Trump kugira ayobore ishirahamwe rya ONU rijejwe abimukira kw’isi OIM( Organisation Interantionale de Migration), Ken Isaacs, biboneka ko aje kwunyura n’ivyahari mu bijanye n’abimukira.

Ken Isaacs yashizwe ahabona mu ndwi iheze ku musi wa kane ngo ayobore OIM, yaje atavyorosha aho yamenyesheje ko aba ‘islamu bafise inyifato y’umukazo, ahubwo ko abakirisu aribo bakwiye kwitwararikwa cane mu bijanye n’abahabwa ubuhungiro gusumba uko aba islamu bohabwa ubuhungiro’, nk’uko Washington Post ibimenyesha.

Abihweza ibintu n’ibindi ariko, babona ko imvugo ya Ken Isaacs( kw’ifoto) ije igomba kubandanya icamwo kubiri abimukira kuko hariho n’abimukira batari abakirisu ari aba islamu baba mu bihugu vy’abarabu nka Syria na za Irak higanziye intambara usanga nabo bakeneye kuronswa ubuhungiro.

Mu makuru ya Ken Isaacs yagiye aracisha ku mbuga ngurukana bumenyi no ku maradio, vyaragaraye ko uyo yagenywe na Trump ngo atware OIM, yaragaragaye ko yagiye akoresha amajambo atyoza abandi bantu b’aba islamu yongera arahakana n’ihindagurika ry’ikirere.

Recommended for you