NEWS

Uwashatse guhamba abana babona asabirwa guhanwa n’amategeko

on

Ubushikirangani bujejwe agateka ka zina muntu ,imibano hamwe n’iterambere ridakumira busaba ko ubutungane bukora ibishoboka kugira umuntu yashatse guhamba abana babona inyuma yaho bari bafatiwe mu murima w’ibigori ahanwe hisunzwe amategeko.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuruno wa gatatu igenekerezo rya 17 nzero 2018,umunyamabanga ntayegayezwa murubwo bushikirangnji Felix NGENDABANYIKWA yamenyesheje ko bateye ivyatsi ivyo vayakorewe abo bana kuko ubuzima ari gatihabwa kandi ko amazi aseseka ntibayore.

Ubwo bushikirangaji buvuga ko mu gisata co gukingira abana hakiri ibibazo bitari bike .

Ivyo bishitse mu gihe hari haciye imisi itari mike havuzwe abana bo mu ntara ya Gitega baciwe ibikonjo inyuma yo gufatirwa mu mirima y’ibigori aho ababikoze baciriwe urubanza rwo gufungwa kuva ku myaka 4 no kuduga hamwe n’indishi y’akababaro angana n’imriyoni 4 y’amafaranga y’amarundi.

Ico umuntu yo kwibaza n’igituma abo bana baza kwiba imirima ya barundi,yoba ari inzara ibibatuma?
Uko biri kose nta nzara kuko biravugwa hirya no hino ko umwimbu w’agatasi wagenze neza.

Ababikwirikirana hafi bavuga ko ari bimwe vy’abana bato bashobora kwiha ikintu mu murima w’umuntu bagaca bagwa mu mporero kuko ata bana bosoroma umurima ngo bawumare.

Felix NGENDABANYIKWA yasavye ubutungane gukora ibishoboka kugira umuntu yakoze iryo bara ahanwe hisunzwe amategeko.

Tubibutseko abo bana 2 bafatiwe mu murima w’ibigori ku mutumba wa Nyamabere muri komine ya Mpanda mu ntara ya Bubanza mu ndwi iheze,umwe yarafise imyaka 8 uwundi nawe imyaka 10,mu nyuma uwubafashe ashaka kubahamba babona abahora ko bariko bariba umurima wiwe.

Uwivye mu murima yoba asigaye ahanishwa igihano co guhambwa abona?
Umuntu yokwibaza ko ari ingeso y’umuntu kuko ntawohanisha igihabo nk’ico umwana.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.