NEWS

Uwakoze icegeranyo ca ONU yirukanwe mu Burundi

By

on

Doudou Diène arongoye umurwi wa ONU wakoze amatohoza ku bijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi ntarekuriwe guhonyoza ikirenge mu Burundi kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Nyakanga 2018. Iyo ngingo yafashwe na Reta y’Uburundi, mw’ikete iyo ntumwa idasanzwe ya ONU yarungikiwe.

Nk’uko biri mw’ikete rya Reta y’Uburundi ryarungikiwe Doudou Diène, ryateweko umukono na Ambassadeur Ezéchiel NIBIGIRA umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Reta y’Uburundi yamenyesheje ko icegeranyo umurwi w’amatohoza ya ONU urongowe na Doudou Diène cuzuyemwo ibinyoma hamwe n’ugutyoza ubutegetsi bw’Uburundi.

Reta y’Uburundi ibandanya ivuga ko biboneka ko hoba hari ibindi vyoba vyinyegeje inyuma y’ico cegeranyo, ari naco gituma hafashwe ingingo y’uko uwurongoye uwo murwi wakoze amatohoza ya ONU atakirekuriwe guhonyoza ikirenge mu Burundi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ntirirashikiriza ukwo ryakiriye iyo ngingo yafashwe.

Recommended for you