NEWS

Uwahoze ari umushingamateka Aimé Nkurunziza yasohoye igitabo

By

on

Mur’ico gitabo, uwahoze ari umushingamateka ava mu mugambwe CNDD-FDD, Aimé Nkurunziza, aravuga ivyo yabonye nivyo yabayemwo mur’uyu mugambwe ku rwego rwo hejuru kuva mu mwaka wa 2005 gushika mu mwaka w’i 2015.

Aimé Nkurunziza akaba yari mu nzego zo hejuru mu gihugu, akaba yarabaye umunyamabanga mukuru m’ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, acaba umukuru w’umurwi ushinzwe ibibazo vya politique mu nama nshingamateka, akaba yarabonye impari nyinshi, istinzi no gutsindwa, guhangana kw’inguvu za bamwe na bariya ku rwego rwo mu mugambwe n’urw’igihugu. Imbere y’ico gihe Aimé Nkurunziza akaba yari umumenyeshamakuru kw’iradiyo Isanganiro.

Aimé Nkurunziza akaba kandi yarabonye imikino myinshi ya politique, guhata abantu, ibikorwa vyurutavanako kugira amategeko agende uko bamwe bashaka. Igitabo ciwe rero kikaba kirimwo vyinshi, udukuru dutangaje, ibiganiro hagati y’abarongozi bamwe na bariya.

Kur’ubwo rero, usomye ico gitabo ngo urabona ingene politique ikinwa nk’amakarata. Aimé Nkurunziza ubu ari mu buhungiro, akaba ari mu batutsi binjiye mu mugambwe CNDD-FDD haraheze imyaka 10 atarahunga, aravuga kandi urugamba rwa politique yaharanira n’uko yasanze bimeze uko atavyibaza.

Ico gitabo kigashobora kugurirwa kur’urubuga internet Amazone.fr, kikaba kirwurwa amafranga y’amanyaburaya 20, hafi ibihumbi 66 vy’amahera y’amarundi.

Recommended for you