NEWS

Uwahoze ari umushikiranganji m’Uburundi aragirizwa gukoresha umuntu nk’umuja

By

on

Uwahoze ari umushikiranganji m’Uburundi aragirizwa gukoresha umuntu nk’umuja

Kur’uno wa mbere haratangura urubanza i Nanterre hagati ya Gabriel Mpozagara n’uwitwa ko yari umukozi wiwe yitwa Méthode Sindayigaya. Gabriel Mpozagara, yahoze ari umushikiranganji m’Uburundi n’ukubuserukira mu makungu, hamwe n’umupfasoni wiwe bakaba bagirizwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu gufata uwo mukozi wiwe nk’umuja haraciye imyaka cumi.

Iphoto ya Méthode Sindayigaya

 

Uyo Méthode Sindayigaya yari umurimyi w’ibiharage i Burundi yatumweko n’uwo muryango mu Bufaransa ngo kubarabira umwana wabo amugaye. Ariko Méthode akagiriza umuryango Mpozagara kuba waciye umufata nk’umuja wabo imyaka cumi adahembwa kandi adashobora gusohoka hanze kandi agaburigwa nabi. Urupapuro rwiwe rw’inzira rukaba rwaciye rubikwa n’uyo muryango wari wamutumyeko.

Uyo Méthode Sindayigaya akaba yagiye gutabarwa n’abafundi bari bagiye gukora hafi y’inzu yakoreramwo ukwezi kw’umunani 2018. Igipolisi kikaba caciye kihashika kiramukurayo. Gabriel Mpozagara n’uwo bubakanye bakaba bashobora gufungwa imyaka indwi n’amande angana amahera 150.000 y’amaeuro. Ariko Gabriel Mpozagara n’umukenyezi wiwe bakaba bahakana ico cahe ariko bakaba bari bamaze kurenguka m’ubutungane bagirizwa ico caha nyene kuyundi mwigeme bari bazanye mur’ico gihugu.

Recommended for you