NEWS

Uwahoze ari icegera c’Umukuru w’Igihugu nawe yanyaze amagara arahunga igihugu

on

busokoza

Inyuma yaho akuriwe mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hakugarwa ishirahamwe ryiwe  ry’ugutumatumanako amakuru TEMPO, Bernard Busokoza yahavuye anyaga amaga arahunga uburundi aciye mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Uwo mushingamateka akaba yahoze ari n’icegera c’umukuru w’igihugu ku mupaka uhereranye na Gisenyi mu Rwanda aho yaciye ntiyoroherejwe kuko yinjiye igihugu c’urwanda ata vyangombwa afise bivanye n’uko bashatse kumufata mu gutevya kumuha uruhusha rwo kurangana ku ruhande rw’Uburundi, afata ingingo yo kubereka ubworo bw’ikirenga.

Muri uwo mwanya bari bagitebaganye, umushikirizamanza wa republika y’Uburundi mu ntara ya Kirundo akaba yariko araja ku mupaka ngo asohore umutahe wo kumuhagarika.

Ivyo bibaye mu gihe icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu yaheruka gushikirizagushikiriza ko adashigikiye ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihuguc’Uburundi. Uwo mushingamateka akaba kandi aturuka mu mugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi bwa Bujumbura utwarwa na Karori Nditije.