NEWS

Uwariko afata amasanamu y’imodoka yunguruza Petero NKURUNZIZA yahinduriwe ibohero

By

on

David Ninganza, Diane Ndekatubane hamwe n’umudereva wabo bungururijwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu.

Abo bantu batatu bafashwe kw’igenekerezo rya 20 Nyakanga 2018 i Muramvya, bakaba bahowe ko umwe muribo, David NINGANZA yariko afata amasanamu y’imiduga irerura umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Muramvya avuga ko David NINGANZA n’abo bafatanwe bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

DAVID NINGANZA, ni umwe mu ndongozi z’ishirahamwe SOJEPAE (Solidarité de la jeunesse Chrétienne pour la Paix et l’Enfance) ryitaho ineza y’abana apfungiwe mu gasho ka komine Muramvya kuva kuri uwu w’Imana.

NINGANZA David asanzwe ari umuvugizi wa SOJEPAE yafashwe ari kumwe n’abandi bantu babiri bariko biyunguruza mu muduga wo mu bwoko bwa Probox, bakaba bari bageze mu ntara ya Muramvya.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko yafashwe mu gihe yariko afata amasanamu y’imodoka yari ireruye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mw’ishirahamwe SOJEPAE bamenyesha ko iryo fatwa ryiwe ata sano rifitaniye n’akazi asanzwe akora ko guharanira ineza y’abana.

Muri SOJEPAE basaba ko amatohoza yokorwa, basanze ata ntumbero mbi yari afise mu gufata ayo masanamu, arekurwe.