Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsUvyunvise biratangaje : Menya ukuri kuvyerekeye ahantu umuririmvyi '' Willy Leonard Niyomwungere...

Uvyunvise biratangaje : Menya ukuri kuvyerekeye ahantu umuririmvyi ” Willy Leonard Niyomwungere ” akura indirimbo aririmba !

Umuririmvyi w’umurundi aba muri Canada akundwa n’abantu benshi ”Willy Leonard Niyomwungere ” aravuga ahantu asanzwe akura indirimbo ariririmba ndetse akaba amenyesha abantu bose ko mu munsi iri imbere yuko azoshira ahagaragara indirimbo yiwe nshasha yahaye izina rya” Ubwami bwawe burarangiye ”

leonard

Uno muririmvyi ubwiwe yavuze ko indirimbo zinkoramutima aririmba yuko atarivyo yiyunvira ngo hanyuma ahite ngwazandika ahubwo ngo ziva mu ndoto.

Willy Leonard Niyomwungere yagize ati : Ngiye gushira ahabona indirimbo «Ubwami bwawe burarangiye»ni indirimbo nkoramutima ivuga kukuntu umwami yabonye ikiganza candika kugisika kiti «Kuva uyumusi ubwami bwawe buhawe abandi» God cannot love it that all the people should worry about you; it’s time to leave your office MWAMI , because a hand has written on the wall.

Bagenzi ,Indirimbo nkoramutima ndirimba ,sivyo niyunvira hama ngo nfate ikaramu nandike .Ziriya ndirimbo ziva mu ndoto,mba nsinziriye hama nkabona ibintu mundoto nikanguye nkaca nfata ikaramu nkandika ivyanshikiye mundoto vyose .Ivyo vyaranshikiye kundirimbo nka «Yozefu muri Egiputa»,«Abafunzwe bafungiwe ubusa»,«Twarahemukiye sogokuru » «Ukuri kurakiza » hamwe niyindi iriko iraza murubwo buryo yitwa «Ubwami bwawe burarangiye» Nico gituma abunviriza indirimbo zanje bamwe boba bibaza ko atamurogo nfise nkwirikiza wo kuririmba canke boba bibaza ko ndirimba ivyombonye vyose .Ngerageje gutanga umuco iyo bishitse indirimbo ikaza ndi mu ndoto ,nca menya ko ari ubutumwa bukomeye nfise bwo gushikiriza abantu ,murico gihe ivyo ndi gukora vyose ndahagarika nkashira iruhande bigasa nuko ntaboneka kugira nitondere iyo ndirimbo .Bagenzi mwohagarika kumbaza ngo «Mbega Ntakandi karirimbo???? Nanje ndindira nkuko mwebwe aba fans banje murindira .

willy

Indirimbo nkizo kenshi usanga umenga zivuga kuvyerekeye ubuzima bwigihugu canke ubuzima bwabanyagihugu hari abibaza ko ndi kuririmba Politike ,sivyo nagato jewe kuva ndi muto sinigeze nkunda Politike kandi gushika ubu ,ntamugambwe canke umuhari numwe nigeze njamwo no gushika uyumusi ntanumwe ndimwo.

Narinze nva i Burundi mba mumahanga ntabonye amaso muyandi umukuru wigihugu numwe yaba President Buyoya ,canke President Ndadaye kandi abo bose batwara mba I Bujumbura kuko ntavyiyunvamwo .Sinkunda politike ariko nshikiriza ubutumwa .Video nizindi ndirimbo albumu yigifaransa nari nsanzwe ndi gukora biri kugenda neza .Abanyandikira sindabishure mumbabarire kuko ndafatiriwe kandi nfise message zanyu zirenga amajana sinzoshobora kubishura mumbabarire

Must Read