NEWS

Umugambwe RDB wavuye mu runani CNARED.

on

Urunani rw’abatavuga rumwe na leta y’i Bujumbura, CNARED, ruriko rubona abanywanyi barwo baruvamwo biturutse ku kutabona ibintu kumwe mu barurimwo.

Inyuma y’aho umugambwe FRODEBU uviriye uri urwo runani, umugambwe RDB( Rassemblement des Democrates Burundais) wahisemwo kuva muri urwo runani rufise icicaro mu Bubirigi.

Mu mpamvu uwo mugambwe RDB umenyesha zatumye uva muri urwo runani CNARED ni uko ‘rwananiwe no gushika kuvyo rwiyemeje, nk’akarorero habandanya hari impunzi zikigorewe mu makambi y’impunzi, abandi barundi barafunzwe kandi bazira impamvu za politike n’ibindi’, nk’uko bisomwa mu rwandiko RDB yashize ahabona.

Soma kandi: Umugambwe SAHWANYA FRODEBU wavuye muri CNARED.

Ibindi RDB ivuga bibangamiye urwo runani CNARED ni ivyo bita “Nyakurisation des partis politiques”, ni kuvuga gushinga imigambwe yindi yiyita nyakuri kugira ishobore gukorana n’ubutegetsi bw’i Bujumbura’.

Ikinyamakuru kimwe cegereye ubutegetsi bw’i Bujumbura, Intumwa Burundi, kikamenyesha ko ‘hari nabandi banyepolitike boba bariko bitegura kwiyegereza leta y’i Bujumbura kugira ngo hategurwe amatora ya 2020 nabo babone kuronka ibibanza’.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply