Sunday, January 29, 2023
HomeInternational newsUSA:Itegeko rikingira abubakana basangiye ibitsina ryemejwe n’inama nkenguzamateka.

USA:Itegeko rikingira abubakana basangiye ibitsina ryemejwe n’inama nkenguzamateka.

Abakenguzamateka ba Leta Zunze ubumwe za Amerika baraye bemeje kuri uyu wa kabiri itegeko rikingira abashaka kwubakana basangiye ibitsina hamwe n’abadasangiye ubwoko n’urukoba . Iyo nteguro y’itegeko yemejwe ku majwi 61 bavyemeje maze 31 barabihakana.

Iryo tegeko ryaraye ryemejwe rikuyeho iryo mu mwaka wa 1996 ryemeza ko abubakanye ari abadasangiye ibitsina ryemejwe ku rwego rwa Amerika. Iyo nteguro y’itegeko isaba ama Leta kwemera abahezagiriwe mu yandi ma Leta basangiye ibitsina . Ariko ntiribuza ama Leta gushiraho amategeko ku rwego rwayo abuza ubwo buryo bw’ubugeni.

Abakenguzamateka 12 bo mu mugambwe w’aba republikani batoye bemeza iyo nteguro , igiye guca irungikirwa ku meza ya perezida Joe Biden kugira azorisinye ribone kuzoca riba itegeko mu yandi mategeko agenga Amerika.

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Amatohoza yabaye mu kwezi kwa Rusama 2022, yerekanye ko ibice 71 kw’ijana vy’abanyamerika bashigikiye kubana kw’abasangiye ibitsina . Ni mugihe mu mwaka naho wa 1996, Ibice 27 kw’ijana gusa aribo babishigikiye ivyo kubana kw’abasangiye ibitsina.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....