INTERNATIONAL NEWS

USA, UK n’Ubufaransa vyagirizwa ‘kwica abantu amajana muri Syria’.

on

Mu cegeranyo cagiye ahabona kuruyu wa kabiri gisohowe n’ Ishirahamwe ryihweza ibijanye n’agateka ka zina muntu, Amnesty International, haragaragazwa ko ibihgu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa bibazwa ‘abantu bashika mu majana bahitanywe n’ibitero’ mu mwaka wa 2017 mu gisagara ca Raqqa mu gihugu ca Syria.

Amnesty International yamenyesheje muri ico cegeranyo ko umugwi urongowe na Amerika washizweho kugira ngo uradurane n’imizi umuhari w’intagondwa z’aba islamu, Etat islamique, mu gace ka Raqqa wakoze ibitero vyo “guhonya bitari bwibonekeze mu myaka mirongo iheze”.

Ibihugu vya USA, Ubwongereza n’Ubufaransa bikaba vyahakanye vyivuye inyuma ico cegeranyo ko ‘ibiterao vyabo vyibasira cane cane abarwanyi ba Etat islamique, kandi ko hakomeretse bakeya cane muri ivyo bitero vyamaze amezi ane vysambagye igisagara ca Raqqa muri Syria’.

Ibibomoke vy’igisagara ca Raqqa muri Syria

Nk’uko Express UK ibishira ahabona,Donatella Rovera, umuhanuzi muri Amnesty International, yamenyesheje ko ‘abantu bahitanywe n’ivyo bitero bakwiye gushumbushwa…kandi ko gushika ubu ata matohoza yari bwakorwe kuri ubwo bwicanyi bw’agahomerabunwa‘.

Naho ivyo bihugu vyagirizwa uko ari bitatu bihakana ayo mabi muri Syria, iryo shirahamwe Amnesty International rirabiremeye nyabuna ko ‘ryokwemera akabi kakozwe kugira abaharokotse bashumbushwe’. USA, UK n’Ubufaransa bikaba vyaheruka gukora ibitero vya missiles muri Ndamukiza 2018 ku birindiro vya gisirikare ku mugwa mukuru wa Syria, Damasiko.

Recommended for you