INTERNATIONAL NEWS

USA, UK, France, Ubudagi Bagiye Hamwe Biyamiriza Uburusiya.

on

Naho umukuru w’igihugu ca Leta Zuze Ubumwe Za Amerika, Donald Trump, atahora yemera kwiyamiriza ku mugaragaro ko Uburusiya ari igihugu usanga kivogera ubwigenge bw’ibindi bihugu, ariko ejo ku musi wa kane niho yaza yavuga ko yiyamiriza Uburusiya ku ngendo yabwo mbi yo gushaka kwica uwahoze umusumyi w’urusaku w’Uburusiya ubu yaba mu Bwongereza, Sergei Skripal.

Igihugu c’Uburusiya kikaba cagirizwa gukoresha ikigwanisho c’Ubumara kibujijwe( Nerve Agent) ku butaka bw’Ubwongereza, naco kikaba ari igikorwa kibuzwa n’amategeko mpuzamakungu arwanya igwirirana ry’Ibigwanisho vy’ubumara.

Mw’itangazo ibihugu bine arivyo Ubwongereza, Leta Zunze Ubumwe za Amerika ,Ubufaransa n’Ubudagi basohoreye hamwe ejo ku musi wa kane, ivyo bihugu uko ari bine vyariyamirije vyivuye inyuma Uburusiya kubera ko “bigaragara cane” ko buri inyuma yo kugerageza kwica ku wa 4 Ntwarante 2018 uyo yahoze akorera Uburusiya yatse indaro mu Bwongereza.Ubu uyo Skripal n’umukobwa wiwe bakaba bari mu bitaro batamerewe neza kubera ubwo bumara bwica yatewe bwakorewe mu Burusiya.

Iryo tangazo ry’ibihugu bine rikaba rivuga riti: “ Ubwongereza bwaramenyesheje bikwiye ibihugu bigenzi vyabwo ko bigaragara cane ko Uburusiya buri inyuma y’ico gitero. Turumvikana n’Ubwongereza kuri iyo nsobanuro…kandi ko igihe Uburusiya bwonanirwa no gutanga insobanuro zikwiye vyokwerekana ko Uburusiya bubifisemwo uruhara…”.

Bitragaragara ko Uburusiya buhanganye n’ibihugu vya rutura kwisi, harimwo Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Naho biri uko, igihugu c’Uburusiya kikaba gihakana ivyo vyose cagirizwa ko kitagize uruhara mw’ico gitero ku Bwongereza. Mu gihe ibihugu bindi bibandanya vyerekana aho bihagaze, benshi batanguye kwibaza ko ivyo bihugu bizohava vyandurutsanya maze bigakozanyako.

Recommended for you