Entertainment

USA : Ubukwe bwa Gadi na Claudine bwabaye ubudasanzwe ‘ Irabire nawe hano !

on

Ku munsi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 06/23/2018 hari haramutse umunezero ntangere mu muryango wa Gadi hamwe na Claudine ,hari ubugeni budasanzwe,ubugeni bwagakura ndetse ubugeni butazokwigera bwibagiranwa mu bantu.

Inyuma y’igihe kinini Gadi hamwe n’umukunzi wiwe Claudine bari bamaze bari mu myiteguro y’ubukwe bwabo, kuri uwu wagatandatu uheze niho basezeranira imbere Y’Imana hamwe n’imbere ryisinzi y’abantu benshi bari baje kwihera ijisho uwo munsi wabo udasanzwe kuribo.

Kuruwo musi, Gadi na Claudine biyemeje ko bazobana ubuzima bwabo bwose, Mu majambo bose biyemeje, bagize bati : Jewe unomusi ndemeye ko uzambera umufasha wanje kandi ngusezeranije ko ntazoguhemukira mu buzima bwanje bwose, ari mu mahoro canke mungorane, waba muzima canke urwaye, Nzokubaha kandi nzogukunda kugeza gupfa.

UBM News tubibutse ko ibirori vy’ubukwe bwabo ko vyararanzwe n’udusha ndetse n’umunezero udasanzwe kuri bo hamwe no kubari ngaho uyo musi, hariho abavuza ingoma, abatamba intambo z’ikirundi, abaririmvyi batandukanye ndetse Abantu benshi cane baba hano muri Leta zunze ubumwe za America bari bishimiye cane ubu bukwe, aho baca hose vyaboneka ko bwari bwitezwe cane.

Raba hano amafoto musi y’ukuntu vyagenze.


Eric Nyandwi umurongozi w’Ikimenyeshamakuru ca UBM News arikumwe n’umuririmvyi azwi kw’izina rya AB

 

UBM News tubipfurije urugo ruhire, mugire umunezero hamwe n’imigisha mururwo rwanyu.

Recommended for you