INTERNATIONAL NEWS

USA Ishobora Gutera Syria Ubugira Kabiri.

on

Kubera Abantu Bahasize Ubuzima Hakoreshejewe Ibirwanisho Vy’ubumara( Chroline gas attack) ku musi wa gatandatu mu gihugu ca Syria catumye abantu bashika amajana atanu bashikirwa n’ingaruka z’ubumara mu gace kiganziwe n’abarobeli kitwa Douma, amakungu asa n’ayahagurukijwe n’ico gitero abanya Buraya na America begeka ku mukuru w’igihugu Assad wa Syria. Umukuru w’igihigu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yaraye asubiyemwo amenyesheje ko ‘bazokwibonerako’ abo bose bakoze ico gitero.

Trump akaba yagetse ico gitero ku bakuru b’ibihugu batatu ari bo bashar Assad wa Syria, Vladmir Putin w’Uburusiya n’umukuru wa Iran , nk’uko biboneka mu butumwa bwiwe bwa Twitter.Ariko rero, ibihugu Somambike na Syria nka Iran n’Uburusiya vyamaze kumenyesha ko ‘ayo makuru’ y’igitero c’ibigwanisho vy’ubumara ari icitwazo co gutera Syria hakoreshejewe ibigwanisho.

Nk’uko vyagenze mu mwaka uheze aho Trump yihaye ububasha bwo gutera Syria ama missiles igihe havugwa ko igitero c’ubumara cahitanye abana n’abakenyezi ataco bazira, abihweza ibitu n’ibindi barabona ko igitero ca USA kuri Syria gishobora kuba ubu bwa vuba.

Ico gitero caragize ingaruka mbi ku bana bakiri bato

Ibihugu vy’ubufaransa na Amerika vyamaze kwemeza ko habaye igitero c’ubumara muri Syria, kandi bikaba vyiyemeje gukorera hamwe kugira ico bikoze mu kwishura ababazwa ico gitero. Umunyabanga mukuru wa ONU, nawe yasavye ko haba amatohoza kuri ico gitero.

Naho biri uko, Uburusiya buheruka kumenyesha ko gitero ico arico cose ca Amerika muri Syria kitazokwijana ‘igihe vyogaragara ko ingabo z’Uburusiya zobangamirwa n’ico gitero’. Abahinga berekana ko igihugu ca Syria gishobora gutuma haba umuvurungano mw’isi yose maze bigashina ku ntambara.

Recommended for you