INTERNATIONAL NEWS

USA Igiye gutanga imiliyaridi 60$ mu bihugu bitaratera imbere mu guhangana n’Ubushinwa.

on

Mu gihe ibihugu bibiri bikomeye kw’isi mu vy’Ubutunzi, Amerika n’Ubsuhinwa biri mu ntamabara y’ivy’ubutunzi, ivyobihugu ubu hoho vyiyemeje no gushikana impari zavyo no mu bihugu bitaratera imbere nka Afrika na Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko.

Inyuma y’aho Ubushinwa bumenyeshereje ko bugiye gutanga imiliyaridi 60 $ kugira bufashe ibihugu va Afrika mu bijanye n’iterabrere, ubu na ho igihugu ca leta Zunze Ubuwe za Amerika cafashe ingingo yo kurekura amafaranga angana nayo nyene Ubushinwa bwatanze kugira ngo habe uguhangana hagati yivyo bihugu bibiri.

Amerika ikaba yagiriza Ubushinwa ‘gutanaga amadeni mu bihugu bikenye hama ico gihugu kigaca cigarurira bumwe bumwe mu butunzi bw’igihugu kiba cananiwe kuriha ideni ry’Ubushinwa’. Ariko rero, Ubushinwa burahakana ivyo vyagirizi ko imfashanyo yabo ari ugufashanya mu bijanye n’iterambre.

Akarorero ka hafi ni ako muri Zambia, aho ico gihugu cananiwe no kuriha ideni cari gifitiye UBushinwa maze bica bifatwa ko Ubushinwa buca bwigarurira kijejwe ivy’umuyagankuba aho muri Zambia, ZAWESCO. Ayo makuru akaba yariyamirijwe n’umukuru w’igihugu ca Zambia, Edagr Lungu.

Ikinyamakuru Financial Times co mu bwongereza kikaba kimenyesha ko uwo mugambi wa Leta Zunze Ubuwe za Amerika wo gutanga ayo mafaranga angana na miliyaridi 60 USD angana nayo Ubushinwa bwatanze ari kugira ngo USA ibe nk'”icumu ry’icuma riza kugwanya amadeni y’Ubushinwa aza ashira mu buja ibihugu bitaratera imbere”.

Recommended for you