Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsUSA: Aline Vyuka ariyamiriza bino bintu bikomeye bimuvugwako '' soma ngaha wumve...

USA: Aline Vyuka ariyamiriza bino bintu bikomeye bimuvugwako ” soma ngaha wumve uko yavuze

Umuririmvyikazi w’umurundi asanzwe aba hano muri Leta zunze ubumwe za America aririmba indirimbo zo guhimbaza Imana ” Aline Vyuka ” uyu munsi yavuye mugacerere agira ico avuga kuboba bibaza ko yahagaritse kuririmba.

aline vyuka

Mu minsi iheze hari inkuru zadushikiriye hano kuri UBM News zavuga ko uno muririmvyi atabiteramo ateramisha nka kera ikindi naco ngo nibikorwa vyiwe akora ntabwo basigaye babimenya ubwo vyabateye amakenga ndetse banagiraho bibaza ko yoba atakiririmba.

Mu rwego rwo gushaka kumenya ukuri kurivyo bintu bikomeye bivugwa kuruno muririmvyi, ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri America ” UBM News ” twashimye kurondera uno muririmvyikazi tumubaza muko bimeze aho we mukiganiro yaduhaye yiyamirije ivyo bintu bivugwa kuri we ndetse aho yavuze ko atigeze ahagarika kuririmba kandi ko ibikorwa akora bikibandanya.

aline

Aline Vyuka yagize ati : kuririmba ndabandanya kandi kuva umwaka utanguye nagiye Washington seattle ibikorwa birabandanya kandi imbere ni heza

UBM News tumubajije ivyo ategurira abakunzi biwe muruno mwaka, we yatwishuye ko uyu mwanya ataco ashobora kuvuga kuko ngo izoba ari suprise idasanzwe kuba fans biwe.

[youtube id=”5Va5utI06t0″ align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]

Must Read