Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsUSA : Abaririmvyi b'abarundi baba muri America bakwiye kwigira kuri Mt Number...

USA : Abaririmvyi b’abarundi baba muri America bakwiye kwigira kuri Mt Number One ” Impanvu yisome hano !

Abariririmvyi b’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America, intambwe yo gutera imbere iracari kure cane bivanye nuko umwuga wo kuririmba abenshi bawufata nko kwinezereza gusa abandi nabo ugasanga baririmba kugirango bamenyekane ariko atanyungu nimwe bariko barinjiza.

Uyumunsi hano muri Leta zunze ubumwe za America , ugiye urabaza kira muririmvyi inyungu amaze kubona kuva yagatangura kuririmba, wokunva benshi bakubwira ko inyungu bamaze kuronka ari ukumenyekana abandi nabo babakubwira ngo Intango iragoye, umuntu rero yokwibaza ati : Kumenyekana bimaze iki atanyungu nimwe uriko urinjiza ??

Mt Number One

Abenshi mu baririmvyi baha muri America bihutira gusohora ama Video kuko bibwira ko ariyo atuma abantu babamenya , usanga nk’umuririmvyi atanze ama Dollar 500 canke ayarenga kugirango asohore video ariko ikintu gitangaje cane ni ukuntu basohora aka video kamwe kamwe nahonyene bayisohoye tugaca tuyisanga kuri Youtube, none ngaho wunva umuririmvyi azotera imbere gute mugihe ariha ama Dollar arenga 500 kugirango asohore video ariko abantu bagaca bayironka kubuntu ?

Hano iyaba bari abaririmvyi bipfuza gutera imbere, bari bakwiye kuza barareka gusohora aka Video kamwe kamwe ahubwo bagasohora DVD ikwiye kugirango badandaze nabo baronke inyungu, ikindi naco bari bakwiye kugerageza kuza barasohora ama Album ari kuma CD kuko turavye nkubu nimba hano muri America hari nkabaririmvvyi barenga 100, ntabaririmvyi 15 muribo nibo boba bamaze gusohora Album ikwiye yose.

Mt Number onee

Kuki twavuze ko bakwiye kwigira kumuririmvyi Mt Number One ? Mubisanzwe turavye tubona uno muririmvyi ariwe ariko aratera imbere mu vyo akora, akarorero naho yoba yinjiza amahera make ariko vyitwe ko ariko arabonamwo inyungu, uyu munsi uno muririmvyi afise Studio yiwe bwite ndetse murabona ko y’imirije no gusohora Album nshasha izoba iriko indirimbo 14, ivyo rero bikaba bishobora kuzomwinjiriza.

Icishe abaririmvyi baha muri America nuko badaha agaciro ivyo bakora, benshi baririmba kugirango bamenyekane, ivyo navyo ntibazobishikako kuko ukumenyekana atanyungu ubonamwo wopfuma wirekera ”Abarundi bavuze bati : Ibuye risohotse ntiriba rikicishe isuka ubwo izi zari impanuro tubahaye , mushobora kuzikurikiza canke mukazanka nimwe mwicagurira.

Must Read