NEWS

Urwego CNC ruragabisha iradiyo y’abafaransa RFI

By

on

Kur’uyu wa mbere niho haca ikiganiro kw’iradiyo y’abafaransa RFI mu masaha ya sasisata aho umutumire w’ico kiganiro yari umupfasoni Marguarita Barankitse atwara ishirahamwe Maison Shalom ryugawe m’Uburundi.

Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora aha m’Uburundi rukavuga ko ico kiganiro cumvikanye aha m’Uburundi carimwo ibitutsi no gucafuza Uburundi n’abatwara Uburundi muri kino gihe na cane cane Umukuru w’igihugu. Urwego CNC mw’itangazo rwasohoye kur’uyu wa kabiri rukavuga ko ico kiganiro cari gihengamye cane.

Ishirahamwe Maison Shalom rirera impfuvyi rikaba ryarahagaritswe gukorera m’Uburundi eka n’inyubakwa z’iryo shirahamwe zirafatwa na leta ryagirizwa ko uwarirongoye Margarita Barankitse yisutse muvya politike, uwo nawe akavuga ko adashobora guhora abona abantu bariko baricwa.

Urwego CNC rukamenyesha ko atari ubwambere iradiyo RFI y’abafaransa ihabwa gasopo, urwo rwego CNC rukavuga ko rugiye kwiga neza amategeko yarenzweko mur’ico kiganiro. Mukamenyako amaradiyo y’abanyamerika VOA n’iy’abongereza BBC ko yahagaritswe gukorera no kuvugira m’Uburundi.

Recommended for you