Sunday, May 28, 2023
HomeNewsUrwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD nyuma yokunvikana ko bahawe ibigwanisho vyo kugandagura...

Urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD nyuma yokunvikana ko bahawe ibigwanisho vyo kugandagura abanyagihugu, Reta yo irabihakana kandi ntiyipfuza ko hojaho umugwi witohoza

Reta y’Uburundi ntishigikiye ko hoshingwa umurwi wigenga mpuzamakungu kugira utohoze ivyavuzwe mu rwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwahawe ibirwanisho.

Urwandiko rwo mw’ibanga rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rwamenyesheje ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu ntara za Bururi na Makamba rwahawe ibirwanisho na bamwe mu ntwazangabo zo mu gisirikare c’Uburundi.

Kuva ayo makuru agiye ahabona, Adama Dieng, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ibibazo vy’ihonyabwoko yaciye asaba ko hoshirwaho umurwi wigenga mpuzamakungu wotohoza kuri ivyo vyavuzwe, umuco ukaboneka.

Muri Reta y’Uburundi siko babibona, kuko mu kiganiro co kubeshuza ivyo vyavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano w’igihugu yamenyesheje ko inzego z’igisirikare n’igiporisi mu Burundi zitararengerwa gushika n’aho bikora mu nzego mvamakungu. Nk’uko umushikiranganji Gabriel Nizigama yabishikirije, abajejwe umutekano mu Burundi barifitiye ubushobozi n’ubuhinga bikwiye, vyofasha gutohoza ayo makuru ku bwiwe ashingiye ku bihuha.

imbonerakure-photo-irin-550x4501

Tubibutse ko mu kiganiro abashikiranganji batatu baremesheje, aribo Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano, hamwe na Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane, bose bamiriye kure ayo makuru avuga ko Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho. N’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Pascal Nyabenda yamenyesheje ko ababivuga ari abashaka gucapfuza umugambwe arongoye, mu gihe n’amatora yimirije.

Sources : Igihe Burundi

Must Read